IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Sentare yasabiye umunyororo abagirizwa ubunyonyezi mu gisata (...)

Bururi : Sentare yasabiye umunyororo abagirizwa ubunyonyezi mu gisata c’ubuvuzi

samedi 23 Ntwarante 2013

Sentare y’i Bururi, kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2013, yasabiye umunyororo wo kuva ku myaka itatu gushika ku myaka indwi ku bakozi bane bo mu ntara y’ubuvuzi ya Bururi bagirizwa ubunyonyezi.

Abo bakozi harimwo umuganga, n’umukuru w’intara y’ubuvuzi bagirizwa ubunyonyezi bw’amafaranga arenga umuliyoni n’ibihumbi amajana umunani mu mafaranga y’amarundi, yazimiye igenekerezo 25 Kigarama mu mwaka uheze w’2012.

Abagirizwa ico caha bamirira kure ivyo birego. Sentare ya Bururi ikaba yashize urwo rubanza mu mwiherero, ivyavuyemwo bikazomenyekana inyuma y’ukwezi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.