IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi: Umugabo yapfuye arashwe n’abantu batamenyekanye

Bururi: Umugabo yapfuye arashwe n’abantu batamenyekanye

jeudi 31 Myandagaro 2017

Amakuru ava ku mutumba Donge-Burasira, komine Mugamba, intara ya Bururi, amenyesha ko Gaspard NIYOKWIZERA yitavye Imana nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro arashwe ariko arataha avuye mw’isoko y’i Tora aho yari yashoye inka.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko igiporisi kimaze kuhashika mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, basanze amafaranga yari afise akiyafise.

Uwo Gaspard NIYOKWIZERA yishwe yari yasubijwe mu buzima busanzwe avuye mu gisirikare ca Reta (Ex FAB).


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ngo yishwe n’abantu batazwi ego murakoze kuduha iyo nkuru yahora mu gisoda cakera ego murakoze kubw’iyo nkuru. ariko mwibuke nkuru yivugira izuba riva ko abo bose batemera icyiringo ca gatatu bazohera nk’ifu y’iminjira.... none hari uwo kekeranya kuwugandagura abo bantu.ni nkurumbi ntawundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.