IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi: Umuntu umwe yitavye Imana,29 barakomereka bahitanywe na (...)

Buyenzi: Umuntu umwe yitavye Imana,29 barakomereka bahitanywe na Grenade

vendredi 18 Myandagaro 2017

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abateye ayo magrenade batavuye kure yaho, kuko ico gitero catumwe n’ingorane ziri hagati y’amashirahamwe adandaza inzoga z’ikirundi asanzwe atumvikana.

PierreNKURIKIYE yamenyesheje ko abantu 3 bikekwa ko bari mubakoze ico gitero bamaze gufatwa bakaba bariko bagirwako amatohoza .

Bimwe mu bituma haba umutekano muke mur’iyo Zone ya Buyenzi , Pierre NKURIKIYE avuga ko ibura ry’umuyagankuba mw’ijoro bituma abantu bikika mu mwijima mu gukora ubwo bugizi bwa nabi ,uruja n’uruza rw’abantu benshi baba aho mu Buyenzi, harimwo n’abanyamahanga badafise ibibaranga.

JPEG - 50.4 ko
Pierre NKURIKIYE,umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko kuba hari ingorane ziri mu migwi y’umutekano ihurikiwemwo bose bituma umutekano uhungabana mur’iyo zone.

Inyuma yaho ico gitero kibaye ,ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko ibikorwa vyo kudandariza inzoga z’ikitundi mu mabarabara aho bita mu ma pave ko bihagaritswe, kandi ko abantu bakunda gutunganya ibikorwa bihuza abantu benshi badasizeho abantu baza bararaba umutekano uko wifashe hagize ikihabera ko aribo bazobibazwa.

Leandre NIGEZE ari mu bakomerekejwe n’izo gerenade avuga ko ivyo bitero vyoba bikorwa n’abanyeporitike baza gutera abanyagihugu kugira berekane ko umutekano wifashe nabi mu gihugu, kuko abo bazitera ata kintu na kimwe bagenda bakuye aho hantu .

Abanyagihugu baba muri zone ya Buyenzi basaba ko ishirahamwe REGIDESO ryobaha amatara mu masaha y’ijoro,kuko abakora ubugizi bwa nabi bikika inyuma y’umwijima.

Mwomenya ko abakomeretse bariko bavurirwa kun bitaro vy’abaganga batagira imbibe(MSF) vyo mu Kigobe aho bivugwa ko 3 muri bo boba bamaze kwitaba Imana.

Muri zone ya Buyenzi nyene, hari haheze iminsi 9 gusa hatewe iyindi grenade kw’ibarabara ry’indwi,inomero 50,ihitana umuntu umwe yitavye Imana abandi 5 barakomereka.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.