IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA U17 : Umurwi Intamba mu Rugamba usezeye ihiganwa utsinze (...)

CECAFA U17 : Umurwi Intamba mu Rugamba usezeye ihiganwa utsinze Etiyopiya

vendredi 20 avril 2018

Ku ruhande rw’umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya, abakinyi nabo babandanya kwitanga kugira barabe ko botsinda, gushika naho baronka uburyo bwo kwinjiza ariko ntibashobora kuronka igitsindo.

Igice ca mbere c’urukino caheze, yaba umurwi nserukiragihugu w’Uburundi canke uwa Etiyopiya, ata wutsinze uwundi.

Mu gice ca kabiri c’urukino, imirwi yagarutse yerekana ko igimeneye intsinzi, ariko gushika ku munota wa 70 w’urukino nta muri n’umwe wari bwatsinde, naho nyene umurwi wa Etiyopiya wasa n’uwifatiye urukino, ku ruhande rwo hagati mu kibuga.

Ku munota wa 83 niho umukinyi Ali yinjije igitsindo kimwe c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, gushika ku munota wa nyuma nta kindi gitsindo cabonetse naho umurwi nserukiragihugu wagumye usatira.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abakinyi batarenza imyaka 17, bavuye mw’ihiganwa rya CECAFA batarenze igice ca mbere c’inkino , bafise amanota 4.

JPEG - 155.3 ko
Umurwi nserukiragihugu w’abakinyi batarenza imyaka 17

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe urukino rwa mbere na Kenya, ku bitsindo bine ku busa, mu rukino rwa kabiri umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wanganije na Somaliya ubusa ku bundi.

Yaba umurwi nserukiragihugu w’Uburundi canke uwa Etiyopiya bose basezeye ihiganwa, mu murwi barimwo wa A, igihugu ca Kenya na Somaliya niyo ibandanije ihiganwa mu gice ca kane gishira ica nyuma.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.