IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > CUBA : Abantu 100 bahitanywe n’isanganya ry’indege

CUBA : Abantu 100 bahitanywe n’isanganya ry’indege

samedi 19 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako abantu 4 bari muriyo ndege nibo bonyene bashoboye kuroka ariko umwe muribo yapfuye ashitse ku bitaro.

Ayo makuru abandanya avuga ko iyo ndege yarimwo abantu 104 benshi bamuka muri Cuba hamwe n’abakozi 6 bayo bakomoka mu gihugu ca Mexique.

Reta y’igihugu ca Cuba yamenyesheje ko iza yatanguye amatohoza kugira icatumye iyo ndege igira isanganya kimenyekane kandi ko itanze imisi 2 y’ikigandaro mu gihugu cose.

Iyo ndege yagize isanganya ifashe urugendo iva ku mugwa mukuru Havana ija mu buseruko bwa Cuba ahitwa Holguin.

Umwe mu bandandariza hafi y’ico kibuga c’indege yavuze ati :"Twabonye ihagurutse iduze mu kirere, mukanya gato ica irihindukiza hama ica irarwa ,twatangaye cane."

Abahinga mu bijanye n’indege muri Mexique bamenyesheje ko iyo ndege yagize ikibazo ikiva hasi ishaka kuguruka bica bituma igira isanganya.

Indege Boeing 737 yakozwe mu mwaka w’i 1979 yari y’ishirahwme ryo mu gihugu rya Mexique Aerolineas Damojh mu nyuma ikotwa n’ishirahmwe riraba ivy’indege mu gihugu ca Cuba Cubana de Aviación.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.