IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun:Uwahoze ari umushikiranganji w’amazi yurijwe indege ku nguvu (...)

Cameroun:Uwahoze ari umushikiranganji w’amazi yurijwe indege ku nguvu imujana mu gihugu ciwe

vendredi 23 mars 2018

Amakuru atangwa n’itororokanirizo ry’amakuru REUTERS ryo mu gihugu c’Ubwongereza, amenyesha ko Basile Atangana yafashwe mu mugambi watangujwe na Reta y’ico gihugu mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante uyu mwaka wa 2018 wo guta muri yompi abantu bose bakekwa kurya igiturire.

Ayo makuru abandanya avuga ko uwo yahoze ari umushikiranganji w’amazi muri ico gihugu, yari yabujijwe kurenga imbibe z’igihugu inyuma yaho akuwe mu mabanga yari ajejwe.

Bamwe mu bategetsi bamaze gufatwa mur’uwo mugambi hariho uwahoze ari umushikiranganji w’uburimyi hamwe n’uwahoze ari umukuru wa Kaminuza y’i Douala.

Kuva ibiciro vy’igitoro vyifashe nabi vyatumye ubutunzi bw’ico gihugu buhungabana mu gihe Cameroun yaronka amafaranga yinjira biciye muri ico gisata.

Umugambi wo gufata abategetsi bakekwa kurya igiturire muri Cameroun watanguje n’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya igiturire mu kwezi kwa Nzero umwaka wa 2006.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.