IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cankuzo-Mutukura :Caporal Ntahomvukiye yagirizwa kurasa Major Dieudonné (...)

Cankuzo-Mutukura :Caporal Ntahomvukiye yagirizwa kurasa Major Dieudonné Karashira yitavye Imana

vendredi 27 Nzero 2017

Inyuma yo kurasa Major Dieudonné Karashira,umusirikare caporal Ntahomvukiye nawe yaritavye Imana kuwa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017.

Amakuru ava mw’ikamboi yo ku Mutukuira mu ntara ya CANKUZ,amenyesha ko Caporal NTAHOMVUKIYE yoba yapfuye yiyahuye,ayandi nayo akavuga ko yoba yarishwe ahejeje kwishikana.

Ayo makuru nyene avuga ko caporal Ntahomvukiye yarashe Dieudonné Karashira igihe yari amusanze aho arara agiye kumuhagarika,kubera yagirizwa ko yba afise ico azi ku gitero cabaye kw ;ikambi y’abasirikare ku Mukoni,mu ntara ya Muyinga.

Mu gisirikare c’Uburundi babicishije k’umuvugizi Colonel Gaspard BARATUZA,yavuze ko iraswa rya Major Dieudonné Karashira ari isanganya ryabaye,kuko kugira umusirikare ahagarikwe bifise uko bikorwa,agahamagarwa n’ahakorera uwumurongoye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.