IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwutwara Imbonerakure za CNDD FDD mu Carama yafashwe n’igiporisi

Uwutwara Imbonerakure za CNDD FDD mu Carama yafashwe n’igiporisi

vendredi 3 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

NAHIMANA Jean Claude batazira Masop arongoye Imbonerakure mu Carama yafashwe hamwe n’uwundi munywanyi wa CNDD FDD umwe, NYAMBERE Daniel asanzwe ari umunyamabanga wa CNDD FDD aho mu Carama. Uko ari babiri bakaba bagirizwa ko bahohoteye umunyagihugu yariko arataha ari mu muduga, akaba yarakubiswe gushika aho ajanwa mu bitaro.

Nk’uko amakuru dufise abivuga, kandi yemezwa na bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, uwo muntu yakubiswe atoye ubwenge yaravuze ko yamenye abamukubise, abo babiri bakaba bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

Tubamenyeshe ko hari n’abandi banywanyi ba CNDD FDD aho mu Carama bariko bararonderwa n’igiporisi, bagirizwa ko bari mu bakubise uwo muntu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abo bobo nta ngorane, bari ku kazi batumwe n’abategetsi. N’imiryango yabo nitekane. Ni baba barihenze bagakubita iyindi mbonerakure, vyose bazovyitunganiriza. Hagowe abafatwa izuba riva, imiryango yabo igaca itangura ikigandaro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.