Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Amasezerano y’amahoro hagati ya Reta n’imigwi igwana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Amasezerano y’amahoro hagati ya Reta n’imigwi igwana (...)

Centrafrika : Amasezerano y’amahoro hagati ya Reta n’imigwi igwana yemejwe

mardi 20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo masezerano yasinywe hagati ya Reta n’imigwi yitwaje ibigwanisho ahagarikiwe n’umuryango w’abakatorika witwa Saint Egidio, ategekanya ko imirwi yose izoca ihagarika intambara vuba.

Impande zose ziyemeje kuzokwubahiriza ivyavuye muri ayo masezerano hamwe no kuzoshira mu ngiro ibikorwa vyo guhagarika intambara bizoba bihagarikiriwe n’umuryango mpuzamakungu.

Amakuru ava aho i Roma amenyesha ko imigwi yitwaje ibigwanisho yiyemeje muri ayo masezerano ko izokwemera ubutegetsi bw’igihugu buhari, bwavuye mu matora yatunganijwe hagati y’umwaka wa 2015 n’uwa 2016.

Mwomenyako ayo masezerano yasinywe niyaja mu ngiro azotuma abanyagihugu baheruka guhungira mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo inyuma y’intambara zabereye mu karere ka Bakouma na Bangassou bashobora kuzoca basubira mu ngo zabo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.