IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chili : Papa Francois yemeye ko yigenjeje ukutarikwo ku kibazo c’umupatiri (...)

Chili : Papa Francois yemeye ko yigenjeje ukutarikwo ku kibazo c’umupatiri yakoze ubusambanyi

jeudi 12 avril 2018

Nk’uko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika ,mu rwandiko Papa Fransisiko yarungikiye abungere ba Ekereziya bo mu gihugu ca Chili, yamenyesheje ko ababajwe cane n’imyifato yagize kubijanye n’ico kibazo.

Ayo makuru nyene, abandanya avuga ko Papa agiye gutunganya inama mu ndwi zibiri ziri mbere kugira baganire kuri ico kibazo.

Uwo mukuru wa Ekreziya Katorika yaboneyeho akaryo ko gutumira abantu bakorewe ayo mabi ajanye n’ubusambanyi gushika i Roma mu gihugu c’Ubutariyano kugira abasabe ikigongwe amaso mu yandi.

Umwungere wa Ekreziya Katorika Papa Fransisiko ntiyigeze yemera ivyashikirijwe n’abantu bavuga ko basambanijwe n’umwepisikopi yitwa Juan Barros mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Chili mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka wa 2018.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.