IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Cibitoke : Abafatanwe inkoho baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo (...)

Cibitoke : Abafatanwe inkoho baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose

samedi 3 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri urwo rubanza, abagirijwe ico caha biyemereye imbere ya Sentare ko bari batunze iyo nkoho, ariko bakaba bahakanye ko bayikoresha mu kwica abantu.

Sentare yo mu ntara ya Cibitoke yari yabumvirije kuri uwu wa kane bagifatwa, ariko urubanza rwabo ntirwacibwa ikibiriraho, kuko abacamanza bari bamenyesheje ko bagiye kubandanya amatohoza kugira bamenye ico iyo nkoho yafatanwe abo bagabo yahora ikoreshwa.

Abahanishijwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose, bagirijwe ico caha c’ugutunga inkoho hamwe n’ukugandagura abantu, ni MIBURO Jackson, NSABIMANA Jean Marie hamwe na BAYISENGE Edmond bose muri komine Murwi mu ntara ya Cibitoke.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.