IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abitwaje ibirwanisho bishe umuntu umwe, bakomeretsa (...)

Cibitoke : Abitwaje ibirwanisho bishe umuntu umwe, bakomeretsa uwundi

dimanche 23 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bantu bitwaje inkoho bagera kuri bane bari hafi y’uruzi Kagunuzi, muri zone Ndava, bakaba bari bahagaritse ipikipiki kugira basahure abari kuriyo. Babonye iyo modoka, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, baciye bareka iyo pikipiki.

Abo basuma bivye uwo mudandaza yishwe amafaranga ataramenyekana igitigiri, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yatanguye.

Umuhungu yishe umuvyeyi wiwe

Umutekano warahungabanye kandi mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ku musozi RUBARAGAZA, zone Bwagiriza, komine Butezi, intara ya Ruyigi, ahagandaguriwe umupfakazi azwi kw’izina rya KARUNDI Thérèse w’imyaka irenga 60.

Mu giporisi bavuga ko uwo mupfasoni yishwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya NDAYIZEYE Jean Claude w’imyaka 24, akaba nawe nyene ubwiwe yiyemerera ko ariwe yamwishe amunize.

Uwakoze ico caha yagiriza umuvyeyi wiwe yishe ko atamufata nk’abandi bana biwe.

Mu giporisi bavuga ko NDAYIZEYE Jean Claude yagirizwa ico caha yoba afise uburwayi bwo mu mutwe, akaba ari mu minwe y’igiporisi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.