Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Ibiziga vy’abantu batatu batamenyekanye vyatowe mu (...)
Cibitoke : Ibiziga vy’abantu batatu batamenyekanye vyatowe mu kibira
jeudi 24 mai 2018
Ivyo biziga vyabonywe mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018, n’abasanzwe bakora akazi ko gucungera ishamba cimeza rya Kibira, ku mutumba Kabande.
Ayo makuru ava aho mu Cibitoke, amenyesha ko abo bantu batatu babonetse baboshwe, bikibazwa ko boba biciwe ahandi, ibiziga bikaza gutabwa muri iryo shamba.
Abajejwe intwaro muri ako karere ntaco bashimye kubivugako.
MUGISHA Van Naris
Messages
25 mai 2018, 14:22, par Busurahende
Mwari muzi ko abazotora "oya" bazotorerwa/ bazobarungika he ?