IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Inzu 9 zaturirwa n’abantu bataramenyekana

Cibitoke : Inzu 9 zaturirwa n’abantu bataramenyekana

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava mu banyagihugu bo ku mutumba Ndava,amenyesha ko haheze iminsi itatu batanguye kubona ivyo bintu batari bamenyereye ku mutumba wabo.

Abajejwe intwaro ku mutumba bamenyesha ko biteye ubwoba, kuko imbere yuko baturira amazu batangura kwugarana abazibamwo,bakaba bafise ubwoba ko naho atawuritaba Imana, bishobora gushika bakitaba Imana.

Umukuru w’umutumba Ndava,amenyesha ko ababanyi b’abatuririwe inzu aribo baza kubugururira mu gihe inzu ziba zitanguye gusha.

Abajejwe intwaro ku mutumba wa Ndava bakavuga ko abantu babiri bamaze guhagarukwa ku mvo z’amatohoza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.