IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umupfasoni yari avuye mu Rwanda yafashwe n’igiporisi

Cibitoke : Umupfasoni yari avuye mu Rwanda yafashwe n’igiporisi

vendredi 21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mupfasoni yafashwe n’umukuru w’ikirindiro c’aho ku Ruhwa, mu gihe yari avuye mu gihugu c’Urwanda ku mugoroba w’umunsi wa gatatu. Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Rugombo, yagirizwa ko yari avuye mu Rwanda kugendera abagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu giporisi mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko uwo mupfasoni yafashwe ku mvo z’amatohoza. Mu muryango wiwe basaba ko yorekurwa, kuko ivyo yagirizwa bitagira ishingiro.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • None ubu naho kugir’abavandimwe mu Rwanda bibaye icaha,leta ya Nkurunziza iramaramaje, muzogeza hehe kureka gusesa amaraso y’Abarundi?rekur’uwo mupfasoni yitahire ataco musange, mbega mwarasaze?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.