IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umurovyi yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe (...)

Cibitoke : Umurovyi yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe igiporisi c’Uburundi

samedi 24 Ruheshi 2017

NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yashikirijwe Uburundi inyuma y’umutaga wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017,inyuma y’iminsi ibiri ari mu minwe y’igisirikare c’Urwanda.

Ku rupapuro rwerekana ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson ashikirijwe igiporisi c’Uburundi, Reta y’Urwanda yamenyesheje ko yirukanywe ku butaka bw’Urwanda kuko yari ahari adakurikije amategeko.

Amakuru y’irekurwa rya NDAYIKENGURUKIYE Jackson yemejwe kandi n’igiporisi c’Uburundi, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwa twitter yanditse amenyesha ko ari inkuru nziza ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson yari yafashwe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe Uburundi ku ruzi Ruhwa.

NDAYIKENGURUKIYE Jackson yari yafatiwe ku ruzi Ruhwa n’abasirikare b’Urwanda, mu gatondo ko kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi, igihe yari agiye gutegura imitego y’ifi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.