Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoki : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe ku kiyaga Dogodogo
Cibitoki : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe ku kiyaga Dogodogo
samedi 4 novembre 2017
Amakuru ava aho mu ntara ya Cibitoki amenyesha ko ico kiziga catowe nk’igihe c’isaha zitanu z’umutaga, kikaba cari gifise ibikomere vyinshi vyerekana ko yitavye Imana abanje gukomeretswa.
Mu giporisi ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoki bavuga ko uwo mugabo yoba yiciwe ahandi hanyuma aza gutabwa muri ico kibanza kuko ata muntu n’umwe yashoboye kumenya umwidondoro wiwe.
Mu rwego rw’igiporisi bakavuga ko amatohoza abandanya kugira bamenye amakuru k’urupfu rw’uyo muntu.
MUGISHA Van Naris