Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo igiye guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, facebook, WhatsApp hamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo igiye guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, facebook, WhatsApp hamwe (...)

Congo igiye guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, facebook, WhatsApp hamwe na Twitter

vendredi 16 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe igisata c’itumatumanako muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bategetse ibigo bitanga internet guhagarika imbugahwaniro nka Twitter, Facebook na WatsApp kuva kuri uwu w’Imana.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko ata mpamvu yatanzwe y’ihagarikwa ry’iyo mihora, ariko amakuru avugwa cane akaba ari uko ari mu ntumbero yo kubuza abatavuga rumwe na Reta gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila.

Joseph Kabila ategekanya kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe nicahera, mu ndwi iza kuwa 19 Kigarama 2016.

Reta ya Congo yahagaritse n’inkino z’umupira w’amaguru

Reta ya Kongo yafashe kandi ingingo y’uguhagarika inkino zose zari zitegekanijwe, gushika igihe kizomenyeshwa, aho akaba ari inyuma y’aho bibonekeye ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi baririmba indirimbo ziyamiriza Reta ya Kabila, mu gihe baba bari ku bibuga, mu nkino z’umupira w’amaguru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.