IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ibidukikije > Deo Guide RUREMA: “Amazi ya Tanganyika yahinduye ibara nta ngaruka bifise (...)

Deo Guide RUREMA: “Amazi ya Tanganyika yahinduye ibara nta ngaruka bifise ku magara y’abantu .”

Tuesday 11 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko bamaze kumva ko amazi yatanganyika yahinduye ibara baciye barungika abahinga babijejwe hamwe nabo mw’ishirahamwe REGIDESO basanga amazi meza atigeze ashikirwa n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi ,kandi iryo bara ry’akatsi kabisi kibonekeje gusa hejuru ritashitse k’uburebure buja mu kuzimu.

Deo Guide RUREMA avuga ko amazi meza asanzwe akoreshwa atorwa ku metereo 25 uja mu kuzimu.

Uyo mushikiraganji avuga kandi ko abarovyi basanze aho ku kiyaga baryohewe n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika kuko bituma umwimbu w’amafi mu kiyaga wiyongera.

Deo Guide RUREMA yavuze ko abo barovyi bemeje ko iryo hinduka ry’ibara ry’amazi mu kiyaga Tanganyika ryigeze kwibonekeza mu mwaka wa 2008.

Deo Guide RUREMA asaba abanyagihugu kubandanya bakingira ikiyaga no kutagicafuza,abarovyi nabo abasaba guheba gukoresha ibikoresho bitemewe n’amategeko mu kuroba.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.