Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimwe mu ntara kama z’Uburundi zirabangamiwe n’ihinduka ry’ibihe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Zimwe mu ntara kama z’Uburundi zirabangamiwe n’ihinduka ry’ibihe

Zimwe mu ntara kama z’Uburundi zirabangamiwe n’ihinduka ry’ibihe

dimanche 19 Ndamukiza 2015

Intara kama ya Mirwa irageramiwe n’ihindagurika ry’ibihe kubera idakingiwe bikwiye kandi ari ahantu hahanamye cane, nk’uko bivugwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba n’umuhinga mu vy’ibidukikije Jean Marie Sabushimike.

Avuga ko abantu baba mu Mirwa bapfa kurima kw’isi ihanamye badakurikije amategeko y’ ibidukikije ajanye n’aho hantu, ivyo bigatuma imvura nyinshi isanzwe igwa mu mirwa ica ituma isi itwarwa. Haba rero hejuru mw’itaba ry’imisozi canke amaj epfo, isi isa n’ iyidakomeye, kuko iravungagurika cane .Ivyo bigaca vyunyurwa n’imvura nyinshi igwa kuko aho mu Mirwa ari igice c’Uburundi, kironka imvura nyinshi cane, umuntu agereranije n’iyigwa mu zindi ntara z’igihugu. Isi n’imisozi yo mu mirwa rero yama yuzuye amazi menshi bigatuma isenyagurika kubera idakingiwe. Aha twovuga nk’imiserege isa n’iyibagiwe n’ibiti bidakwiye, kugira bifate isi ica izanana umuvuduko mwinshi ikagenda irahitana ivyo vyose isanze mu nzira, gushika iruhukire mu kiyaya c’imbo canke mu kiyaga Tanganyika.

Sabushimike akavuga ko igihugu rero gikwiye kuhagabira hakaba ingingo z’ugukinga ,zubahirijwe n’amategeko, n’abategetsi igihe cose. Tukabamenyesha ko igice ca Mirwa kigizwe n’intara nka Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Rumonge na Makamba.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.