Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Donald TRUMP yemejwe ko ariwe mukuru w’igihugu wa Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP yemejwe ko ariwe mukuru w’igihugu wa Amerika

Donald TRUMP yemejwe ko ariwe mukuru w’igihugu wa Amerika

mardi 20 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugwi w’abaserukira abandi bajejwe kwemeza itsinzi ya Trump, batoye Donald Trump ko ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu wa Amerika yabaye mu kwezi kwa Munyonyo.

Indwi zitandatu inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo, Trump yaronse abaserukira abandi 270, yari akeneye kugira yemezwe ko ariwe abaye umukuru w’igihugu wa Amerika.

JPEG - 64.4 ko
Donald TRUMP

Inyuma y’iyo ntsinzi, Trumo yiyemeje "gukora akazi mu kunywanisha abantu no kuba umukuru w’igihugu wa bose".

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko imbere bahura kugira batore, abaserukira abandi bari barungikiwe ubutumwa bwinshi bwa "Mail", mbere no guhamagarwa kuri terefone babasaba kutaza gutora Trump.

Akazi kabo ko gutora, mu bisanzwe ni nko guheza ibwirizwa gusa, aho bemeza uwuba yatowe, ariko uwu mwaka amatora yagiyemo imyidogo myinshi y’uko Uburusiya bwayivanzemwo.

Intara ya Texas yaratumye aronka abaserukira abandi 270 yari akeneye, n’aho babiri muri bo banse kumwemeza.

Ikinyamakuru ca New York Times naco kivuga ko hari abaserukira abandi bane b’umugambwe w’abademokrate Hillary Clinton aturukamwo batoye uwundi.

Ivyavuye muri ayo matora bizoshirwa ahabona kw’igenekerezo rya 6 Nzero, mu nama idasanzwe y’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.

Donald TRUMP yashimye, avuga ati : "Ndashimiye abanyamerika kuba bantoye ari benshi ngo mbe prezida wa Amerika. Kuri iyi ntambwe idasanzwe, turashobora kuraba imbere no kwitega ubuzima bwiza mu misi iri imbere. Nzokora akazi n’umwete mwinshi mu kunywanisha abantu no mu kuba prezida w’abanyamerika bose."

Abariko baragerageza kubuza ko Trump atorwa bari bavuye hasi mu gusaba abaserukira abandi bo mu mugambwe w’abarepublicains ngo ntibashigikire uwo mukandida wo mu mugambwe wabo.

Abantu miriyoni na miriyoni barashize umukono ku rwandiko rubasaba kudahirahira ngo bashigikire Trump.

Umusi w’amatora, abantu ibihumbi n’ibihumbi baterekwa Trump biyegeranirije hamwe bagira imyiyerekano mu bisagara bikuru bikuru vyo mu ntara zose zo muri Amerika.

Ariko rero, abariko bariyamiriza Trump nta bushobozi bari bafise bwo kumubuza kuba umukuru w’igihugu. Kugira babishikeko, bari bakeneye kugondoza abaserukira abandi 38 bo mu mugambwe wiwe kugira ntibamwemeze, kuko nivyo vyonyene vyari gutuma ataja muri ico kibanza. Iyo vyashika hakabura uwushikana amajwi 270, inama nshingamateka niyo yaca itora umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.