MUHETO Clovis ava mu komine Matana, mu ntara ya Bururi niwe yatsindiye iyo modoka yo mu bwoko bwa Allion yari imaze iminsi iriko irahiganirwa, ku manota 1075.
BUKENE Pascal yaserukiye Econet Leo muri ivyo birori, yamenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kuri Econet Leo ko gushikiriza agashimwe uwagatsindiye, kandi ko bamukeje kubera ubwira yakoresheje muri urwo rukino.
Ku ruhande rwiwe, Clovis MUHETO yatsindiye iyo modoka, yavuze ko ari umunezero kandi ko ashimye cane, kuko kuva avuka ari irya mbere abonye ibintu nkivyo, aho Econet Leo yerekanye ko itayaga amasigaracicaro.
Clovis MUHETO yamenyesheje ko atari ubuhinga yakoresheje kugira atsindire iyo modoka, ariko ko ari ishaka yagize, gushika aho yakinye agatsindira iyo modoka.
« Si ubuhinga burenze nakoresheje, kuko vyarashika nkananirwa ariko naguma nkina. Ikigora abantu n’uko babonye bananiwe baca bahagarika. »
Asaba ishirahamwe Econet Leo kugirira abandi nk’uko yamugiriye, kuko yabonye ko Econet Leo ibikora ku nyungu z’abanywanyi.
Mw’ihiganwa ryo guhiganirwa iyo modoka umunywanyi wa Econet Leo yarungika ijambo OK ku nimero 800, agaca abazwa ibibazo, ugaca uronka amahirwe yo gutsindira amainite ibihumbi ijana ku munsi, umuriyoni ku kwezi, hamwe n’imodoka.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Econet Leo yatanze intererano y’amabati 50 kw’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha
10.11.2018 |
![]() Econet Leo yatanze intererano y’amabati 100
4.11.2018 |
![]() Econet leo yatanguje ubuhinga bushasha « Econet Connected Car » bufasha gukwirikirana imodoka aho igeze
2.11.2018 |
![]() Econet Leo yatanze intererano y’imifuko 100 y’isima yo kubaka ishure ry’akarorero ry’imyuga rya Kinyami
21.10.2018 |
![]() Econet Leo innove en apportant “BIRAMARA MOBILE APPLICATION”
12.09.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "ECONET Leo"... |
akimana ben