IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Umugambi MERANKABANDI ufasha imiryango ikenye biciye muri EcoCash wuguruwe (...)

Umugambi MERANKABANDI ufasha imiryango ikenye biciye muri EcoCash wuguruwe n’umukuru w’igihugu

Wednesday 8 August 2018, by vianney

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura umugambi MERANKABANDI ,Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashimiye ibanki y’isi yatanze uburyo bwo gushigikira hamwe no gusahiriza abafise amikoro make kandi ko Reta arongoye yiyemeje kugwanya ubukene biciye mu migambi itandukanye yateguwe ikongera igashirwa mu ngiro.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko gukinga no guteganiriza abafise amikoro make bifise ikibanza gikomeye kuko bategerezwa gushigikirwa.

Pierre NKURUNZIZA yavuze ati: “Guteganiriza kazoza bifise ikibanza gikomeye dutegerezwa kubashigikira kuko vyerekana ikimenyetso co gushigikirana.”

Umukuru w’igihugu yavuze ko Reta yiteze ko abanyagihugu bazoshigikirwa na MERANKABANDI bava mu bukene nabo bakagira ishaka ryo kuva mu bukene.

Umukuru w’igihugu yavuze ati:“Nta wuheka abatisimbiza. ”

Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu,imibano hamwe n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI yashimiye ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo rifasha biciye mu buhinga bwa none EcoCash kugira imfashanyo igenewe iyo miryango ikeneye gusumba iyindi ibashikire bigenze neza.

Martin NIVYABANDI yavuze ko kubona abaronswa iyo mfashanyo biciye muri Ecocash y’ishirahamwe ryo gutumatumanoko Econet Leo bituma ubutunzi bw’amakomine bwisununura biciye kuri buri hemba riciye mu buhinga bwa EcoCash.

Uwaserukiye ibanki y’isi murivyo birori yamenyesheje ko umugambi MERANKABANDI utangwa biciye muri EcoCash ya Econet Leo wabonetse biciye mu migenderanire ijanye n’ubutunzi iri hagati ya Reta y’Uburundi n’ibanki y’isi hamwe n’ayandi mashirahamwe afasha mu gutegekaniriza kazoza abatishoboye.

Abanyagihugu 200 baserukiye abandi bo mu makomine ya Butaganzwa,Butezi,Bweru na Gisuru yo mu ntara ya Ruyigi nibo baronkejwe iyo mfashanyo y’umugambi MERANKABANDI biciye muri EcoCash ya Econet Leo.

Imiryango izoronswa iyo mfashanyo y’umugambi w’igihugu MERANKABANDI biciye muri EcoCash ya Econet Leo ku rwego rw’igihugu,ingana ibihumbi 48 yo mu ntara ya Ruyigi,,Karusi,Kirundo hamwe n’intara ya Gitega buri ntara hatowemwo amakomine 4 iyo mfashanyo ikazotangwa mu kiringo c’imyaka 2 n’inusu.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.