IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze intererano y’imifuko 80 igenewe kubaka ibirasi vy’ishure (...)

Econet Leo yatanze intererano y’imifuko 80 igenewe kubaka ibirasi vy’ishure rya Muyange

Thursday 9 August 2018, by vianney

Ishirahamwe ryo gutamatumanako Econet Leo yatanze intererano kuruno wa kane igenekerezo rya 9 Myandagaro 2018,igizwe n’imifuko 80 y’isima yongera irifadikanya n’abanyagihugu bo muri komine Mugina intara ya C’ibitoke mu gikorwa co kubaka ibirasi 3 vy’ishure nshingiro rya Muyange riri ku mutumba wa Muyange wo muri zone ya Rugajo.

Celestin BUKENE yaserukiye ishirahamwe Econet Leo yamenyesheje ko ishirahamwe Econet Leo yatanze iyo mifuko 80 mu ntumbero yo kurishigikira mu bikorwa vyo kwiteza imbere kuko ishirahamwe Econet Leo risanzwe rikora ibikorwa vy’iterambere iruhande y’ibikorwa vyaryo vyo kudandaza amakarata.

Celestin BUKENE yavuze ko imifuko y’isima ishirahamwe Econet Leo yatanze yavuye mu mwimbu uboneka igihe abanywanyi bakoresha uyo muhora baterefonye.

Celestin BUKENE yavuze ati:“Aya mafaranga twaguze iyi mifuko y’isima yavuye aha ku Mugina,mubandanye muterefona mukoresheje Econet Leo kuko iyo sima yavuye mu mwimbu wavyo. ”

Uyo yaserukiye ishirahamwe Econet Leo yasavye abanyamugina kubandanya baterefonesha umuhora wa Econet Leo kugira bizotume bibaha umwimbu uzotuma bagaruka aho ku Mugina gufasha mu bikorwa vy’iterambere.

Musitanteri wa komine Mugina,Jovithe BAYAVUGE yamenyesheje ko bakiriye neza imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe Econet Leo kuko bizofasha kugira babandanye ibikorwa vy’iterambere.

Jovithe BAYAVUGE yavuze ko naho ari ubwa mbere iryo shirahamwe ribagendeye ariko bihimbaye kuko abanyagihugu baciye bagura umuhora wa Econet Leo k’urugero rushimishije.

Uyo musitanteri wa komine Mugina yasavye ishirahamwe Econet Leo kubafasha gutanga amakaye ku banyeshure bimirije gutangura ishure kandi izobandanye iza kubashigikira mu bikorwa vy’iterambere.

Umuyobozi w’ishure nshingiro rya Muyange,Simon BIGIRIYAREMYE yamenyesheje ko banezerejwe cane n’intererano y’ishirahamwe Econet Leo yabazaniye kuko bari bafise abana bicaranako kubera ibirasi bike bihari ariko ubu baronse ibindi birasi bigiye gufasha abanyeshure kwicara neza bongere bigire ahantu hameze neza.

Ikomine ya Mugina ibaye ikomine ya 4 ishirahamwe Econet Leo ikoreyemwo ibikorwa rusangi mu gutanga intererano igenewe inyubako mu ntara ya C’ibitoke mu gihe ku rwego rw’igihugu naho Econet Leo imaze kurangura nk’ivyo bikorwa mu makomine angana 15.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.