Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Emmanuel Macron yituye ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Emmanuel Macron yituye ubutungane

Emmanuel Macron yituye ubutungane

vendredi 5 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukandida ari imbere mu bagwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu Bufaransa, Emmanuel Macron, yashingishije urubanza ku bivugwa ko yoba yarabikishije amahera hanze y’igihugu mu kinyegero, mu bihugu vya Caraibes.

Ayo makuru yasohotse inyuma y’aho vyariko biravugwa ko ariwe yitwaye neza mu kiganiro kamarampaka caciye ku mboneshakure, imbere y’amatora ya kabiri ategekanywa ku munsi wa Mungu.

Uwo bahangana muri ico kiganiro, Marine Le Pen, yarasubiyemwo ivyo bivugwa muri ico kiganiro, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 90 ko
Emmanuel Macron yituye ubutungane

Macron yitwaye mu butungane yishimikiza ivyanditswe ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umugambwe wa Marine Le Pen.

"Ntakizotubuza kwitwarira abipfuza kudutyoza n’uwo wese asubiramwo ivyo abadutyoza bavuze," niko umufasha wa Macron yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.