IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA: Donald Trump ati: "Haïti na Salvador ni ibihugu ataco bimaze (...)

USA: Donald Trump ati: "Haïti na Salvador ni ibihugu ataco bimaze "

Friday 12 January 2018, by Jean De Dieu

Nkuko kinyamakuru RFI kibimenyesha, Donald Tump yavuze ukwo mu gihe abakenguza mateka bari bamushikirije ikibazo kijanye n’abimukira.

Abo mu mugwambwe w’aba Républicains uri ku butegetsi ushigikiye ko tombola ya Green Card isanzwe ifasha abimukira kwinjira muri Amerika ko yofutwa, hamwe no gukomeza umutekano wo ku mbibe, mu gihe abari mu mugambwe w’aba démocrate bo baharanira ko abinjiye muri Amerika bakiri bato bokwongerezwa igihe co kuba muri Amerika, hamwe no gukingira abakomoka muri Haiti no muri Salvador.

Niho Donald Trump yaca ashikiriza ikibazo n’agashavu ati.«Ni kuberiki abo bantu bose bava mu bihugu bitagira akamaro baza muri Amerika?»

Roberto Lopez, icegera c’uwutwara igisata c’ubudandaji c’abakomoka mu gihugu ca Salvador, avuga ko ari akayobera bahinga, ko amajambo Donald Trump yashikirije atarayo kuvugwa n’indongozi.

Mia Love, wo mu mugambwe waba Republicain akaba akomoka muri Haiti nawe avuga ko inyifato ya Donald Trump iciye kubiri n’imico n’imigenzo iranga abanya Amerika.“ Ati iyo nyifato siyo gusabirako, ntibereye umurongozi wa Amerika.”


Pacifique BUKURU

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.