Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Etiyopiya:Reta yatanganje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya:Reta yatanganje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe

Etiyopiya:Reta yatanganje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe

samedi 17 février 2018

Nk’uko tubikesha iradiyo y’Abongereza BBC,Reta ibicishije ku mboneshakure y’igihugu yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kurwanya imyiyerekano itandukanye yama yibonekeje muri ico gihugu.

Bivugwako abantu baharurwa mu macumi bamaze gupfa abandi barakomereka mu myiyerekano yo gusaba abapfungiwe ivya poritike ko barekurwa, guhindura ibijanye na poritike hamwe no guha uburenganzira abantu bwo kugaba amatongo.

Gushika ubu nta kiringo kiramenyeshwa iyo ngingo y’ibihe bidasanzwe izomara, eka n’imyifato ngenderwako ntiramenyeshwa.

Mu ndwi iheze,Reta yararekuye abantu bashika amajana bari bapfungiwe ivya poritike hamwe n’abamenyeshamakuru ariko imyiyerekano yarabandanije.

Haciye imyaka 3 Reta y’igihugu ca Etiyopiya ihangana n’imyiyerekano itandukanye mu gihugu harimwo n’iyibera mu gice kinini c’igihugu ahitwa i Oromia.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ariko uyumukuru wigihuga mushasha wa South Africa aratwenza, none niyaho ari muri reta ya zuma ko atakirwanije, ntuguhenda abanyaguhugu. Rekaka tubitege amaso ngo ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.