IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Umupasitori yishwe n’ingona ariko arabatiza

Etiyopiya : Umupasitori yishwe n’ingona ariko arabatiza

mardi 5 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko igipolisi n’abanyagihugu bavuze ko, abantu bashika 80 aribo bariko barabatizwa igihe Pasitori Docho Eshete yicwa n’iyo ngona, hari kuw’Imana uheze mu gisagara ca Arba Minch, muri komine ya Merkeb Tabya.

Umwe mu baba mu karere vyabereyemwo, yabwiye BBC, ko uwo mu pasitori yabatije umuntu wa mbere munyuma aja kuwa kabiri, ariko mu mwanya muto, ingona isimba iva mu kiyaga ica ifata pasitori, nawe asunikira hirya umuntu yariko arabatiza.

Iradiyo y’abongereza BBC,imenyesha ko abanyagihugu hamwe n’abarovyi bagize uko bashoboye ngo batabare pasitori Docho ariko barananigwa.

Umuporisi akorera muri ako gace, yemeje ariko ko, ikiziga ca Pasitori Docho cabonetse.


iMUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.