IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > FESTICAB2018 : Ibanki BCB yanaguye amasezerano yo gufashanya na (...)

FESTICAB2018 : Ibanki BCB yanaguye amasezerano yo gufashanya na FESTICAB

vendredi 6 avril 2018

Ayo masezerano yashizweko umukono ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, mu nyubakwa nshasha z’ibanki BCB ziri muri zone ya Kamenge, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi mukuru w’ibanki BCB, Tharcisse RUTUMO, yamenyesheje ko kuba bashize umukono ku masezerano yo gushigikira FESTICAB atari ivyizanye ukwo gusa, ariko ko babikora kuko iyo bashigikiye FESTICAB baba bashigikiye urwaruka, kandi ko BCB na FESTICAB ari magiriranire.

JPEG - 156.9 ko
Tharcisse RUTUMO, umuyobozi mukuru w’ibanki BCB

« Iyo dufashije FESTICAB, urwaruka rukina amareresi rutera imbere rukaba abanywanyi b’ibanki BCB, natwe kuko twatanguye gutanga inyigisho ku rwaruka mu bijanye no gukorera mu mabanki, FESTICAB ishobora kubikorako, kugira bababere abahanuzi mu bijanye n’ubutunzi. »

Tharcisse RUTUMO, umuyobozi mukuru w’ibanki BCB ,yaboneyeho akaryo ko gushimira isabukuru mpuzamakungu ry’amarerezi mu Burundi FESTICAB, kuba ryarubahirije n’ayandi masezeranobari bamaze gushirako umukono, aca amenyesha ko ibanki BCB izobandanya gushigikira FESTICAB kurusha mbere n’uko vyahora.

Ku ruhande rwiwe, Leonce NGABO yashize umukono kuri ayo masezerano ku ruhande rwa FESTICAB yamenyesheje ko gufashanya hagati ya FESTICAB n’ibanki BCB atari ivya vuba kuko bimaze imyaka indwi.

Leonce NGABO yavuze ko, inyuma y’imyaka 10 isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi FESTICAB ribayeho, ugufashanya hagati y’ibanki BCB na FESTICAB biboneka,bikabonekera mu bikorwa.

JPEG - 161.7 ko
Leonce NGABO,arongoye isabukuru FESTICAB

Ati : « Imyaka 10 iraheze isabukuru FESTICAB ibayeho. Ugufashanya hagati y’ibanki BCB na FESTICAB bibonekera mu bikorwa. Ni akaryo ko gutera imbere mu bijanye n’ubutunzi haba uno munzi canke ejo haza. »

Leonce NGABO ahamagarira abakiri bato bakina amareresi kwitaho cane ico gisata, agahamagarira n’abandi gufasha isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi FESTICAB, kuko bimaze kuboneka ko uko imyaka ihera ariko FESTICAB ikenera uburyo bwinshi bwo gukoresha.

Amasezerano ya mbere yo gufashanya hagati y’ibanki BCB na FESTICAB yashizweko umukono mu mwaka wa 2014, ayashizweko umukono kur’uyu wa kane akaba ari mu ntumbero y’igice ca kabiri kiri ku myaka itatu, kuva mu mwaka wa 2017 gushika mu mwaka wa 2019.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.