IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ntacizere bagifise ko umwana wa Whitney Houston akira

Ntacizere bagifise ko umwana wa Whitney Houston akira

vendredi 6 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umuryango w’umuririmvyikazi Whitney Houston umenyesha ko watanguye ikigandaro kuko atacizere bagifise ko umukobwa Bobbi Christina, umwana wa Whitney Houston akira.

Nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru’’Magazine People’’, umuryango wa Whitney Houston watanguye ikigandaro kuko atacizere bagifise ko Bobbi Christina akira. Bamwe mu bo muri uwo muryango batanguye kuza kumusezera aho agwariye mu bitaro.

Umukobwa wa Whitney Houston akaba yatowe mu kibanza c’ubwogero (baignore) yataye ubwenge ariko kuca bamujana mu bitaro, aho kugera n’ubu atarashobora gutora ubwenge. Abaganga bamukurikiranye kuva akicinjizwa ibitaro, bamaze guhebuza umuryango ko ataco bagishobora kumukorera kindi, kuko ameze nkuwapfuye no guhema abifashwa n’ivyuma.

Naho abaganga bamaze kubihebuza, umuvyeyi w’uwo mwigeme azwi kw’izina rya Bobby Brown we aramenyesha ko akicizeye igitangaro ko azohava asubira kumubona ari muzima yakize.

Aho mukamenya ko bamwe bamwe batanguye kwibaza ko uwo mukobwa wa Whitney Houston yoba yataye ubwenge kubera ibiyayura mutwe vyinshi yoba yari yanyoye kuko no mu nzu yiwe bahasanze utumwanya turimwo ivyo biyayura mutwe.


Alida S.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.