IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umurundi Jean Richard NIYONGABO mw’ihiganwa ry’amareresi FESPACO

Umurundi Jean Richard NIYONGABO mw’ihiganwa ry’amareresi FESPACO

samedi 25 Ruhuhuma 2017

Kuva kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, i Ouagadougou ku murwa mukuru w’igihugu ca Burkina Faso haratangura ihiganwa rigira 25 ry’amareresi yakozwe n’abahinga bo ku mugabane wa Afrika FESPACO. Muri ayo harimwo ireresi y’umurundi Jean Richard NIYONGABO.

Ireresi y’umurundi Jean Richard NIYONGABO yitwa ‘’LES GROS CAILLOUX ‘’, ihiganwa mu gisata c’amareresi yo mu murwi wa FICTION COURT METRAGE, igisata kirimwo amareresi 26.

Amareresi 950 niyo ari muri iryo higanwa , ariko amareresi 150 niyo azokwerekanwa mu mahiganwa ane azoba kumara iminsi umunani.

Mw’ihiganwa riheruka, ako gashimwe kitiriwe Étalon d’or de Yennenga kari katsindiwe n’umunyamaroke Hicham Ayouch.,mw’ireresi yiwe yitwa «Fièvres».

Abandi bari mu gisata c’amareresi ya FICTION COURT METRAGE, bava mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ni Marie Clémentine DUSABEJAMBO ava mu gihugu c’Urwanda n’ireresi A PLACE FOR MYSELF hamwe na Antony KOROS ava mu gihugu ca Kenya n’ireresi CHEBET .


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.