Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Ihiganwa rya CECAFA ry’abatarenza imyaka 17 ryungururijwe ku rindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Ihiganwa rya CECAFA ry’abatarenza imyaka 17 ryungururijwe ku rindi (...)

FFB : Ihiganwa rya CECAFA ry’abatarenza imyaka 17 ryungururijwe ku rindi sango

jeudi 29 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018, Youssouf Mossi yamenyesheje ko, icatumye iryo higanwa ryigizwa imbere indwi zibiri, ari uko vyinshi mu bihugu bizokwitaba iryo higanwa vyasavye ko baronka umwanya ukwiye wo gutunganya imirwi.

Youssouf Mossi avuga ko hejuru y’imirwi nserukirabihugu yasavye kwunguruza isango kugira yitegure neza, ariko kandi imvo zatumye isango ryunguruzwa ari imvo zibijanye n’ubuhinga n’uburyo.

Ati : « Abakinyi benshi bitaba ihiganwa rya CECAFA ry’abatarenza imyaka 17 bava mu bihugu bivuga icongereza muri ibi bihe baba bari ku mashuri. Ariko kuva iryo sango twungururijeko baba bahejeje bafise umwanya, bagaca baja mw’ikambi, aho bitegurira. »

JPEG - 168.5 ko
Youssouf Mossi, ajejwe amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Ibihugu bimaze kwemeza ko bizokwitaba iryo higanwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17 ni, Uburundi, Etiyopiya,Sudani yo mu Buraruko , Tanzaniya, Kenya, Ubuganda, Somaliya na Zanzibar.

Gushika ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ntarante 2018, imirwi y’Urwanda, Sudani yo mu Bumanuko na Eritreya niyo yari imaze kumenyesha ko itazokwitaba iryo higanwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.