Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Umurwi LLBS4Africa uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Umurwi LLBS4Africa uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde (...)

FFB : Umurwi LLBS4Africa uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza

lundi 13 novembre 2017

Mu nkino zabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 11 no kuw’Imana igenekerezo rya 12 Munyonyo 2017,imirwi izwi muri kahise k’umupira w’amaguru ntigenjeje neza cane kuko iyitatsinzwe yaranganije.

Imirwi yatsindanye uku :

Les Lierres watsinzwe na LLBS4Africa ibitsindo bibiri k’ubusa,umurwi Flambeau du Centre utsinda Olympic Star ibitsindo bibiri kuri kimwe,umurwi Flambeau de l’Est unganya na Ngozi City igitsindo kimwe ku kindi, Messager Ngozi utsinda ibitsindo bitanu ku gitsindo kimwe ca Les jeunes Athletic.

Mu zindi nkino,umurwi Inter Star watsinze Delata Star ibitsindo bibiri k’ubusa,umurwi wa Vitalo unganya na Aigle Noir igitsindo kimwe ku kindi,Musongati unganya na Bujumbura City igitsindo kimwe ku kindi, mu gihe umurwi Messager Bujumbura watsinze Athletico ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ku rutonde rw’infatakibanza,umurwi LLBS4Africa uri mu kibanza ca mbere n’amanota 28,Messager Ngozi n’uwa kabiri n’amanota 27,Aigle Noir n’uwa gatatu n’amanota 25,Olympic Star n’uwa kane n’amanota 19,umurwi Vitalo n’uwa gatanu n’amanota 18.

Imirwi iri mu bibanza vya nyuma ni Delta Star ufise amanota 5 mu nkino 11, Athletico Olympic mu kibanza ca 15 n’amanota 9,ukanganya n’umurwi Les jeunes Athletic n’amanota 9 nyene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.