Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FIFA : Senegal yaronse itike yo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : Senegal yaronse itike yo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi ca (...)

FIFA : Senegal yaronse itike yo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi ca 2018

samedi 11 novembre 2017

Ibaye incuro ya 2 igihugu ca Senegal kija mw’ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru kw’isi inyuma y’imyaka 16 citavye iryo higanwa ryabereye mu gihugu ca Koreya y’Epfo n’Ubuyapani aho Senegal yakinye gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Igitsindo ca mbere cinjijwe ku munota wa 12 n’umukinyi Diafra Sakho asanzwe akinira umugwi wa West Ham wo gihugu c’Ubwongereza ,igitsindo ca kabiri cinjiye ku munota wa 38 w’igice w’urwo rukino cinjijwe n’umukinyi Thamsanqa Mkhize.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’umupira w’amaguru bavuga ko umumenyereza wa Senegal Aliou Cisse yakoze ikintu gikomeye, agafatwa nk’uwahoze ari kizigenza akongera akaba umumenyereza wa Nijeriya nk’abantu bigize kuba bakina umupira bongera bashikana ibihugu bamenyereza mu gikombe c’isi.

Igihugu ca Senegal kironse iyo ntsinzi inyuma yaho ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi FIFA ritegetse ko urukino rwahuje ivyo bihugu bibiri rwabaye mu kwezi kwa munyonyo umwaka wa 2016 rusubirwamwo kubera rwaranzwe n’amakosa yakozwe n’umuhagarikizi w’urwo rukino Joseph Lamptey ava mu gihugu ca Ghana yatanze “ Penalty ” yatumye Afirika y’Epfo itsinda kandi ata kosa ryahabaye.

Tubibutseko igihugu ca Senegal kibaye ica gatatu co k’umugane wa Afirika kironse itike yo kuzokwitaba igikombe c’isi co mu mwaka uza wa 2018 inyuma y’ibihugu vya Misiri na Nijeriya.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.