Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Ubutungane bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Ubutungane bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye (...)

Ubufaransa : Ubutungane bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye igihugu

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Ubutungane bw’Ubufaransa bwatumyeko Nicolas Sarkozy yahoze arongoye ico gihugu kugira asigure ingene yakoresheje amafaranga agenewe kwiyamamaza mu mwaka w’i 2012.

Nicolas Sarkozy yagirizwa ko hari amafaranga yakoresheje yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu kandi atabirekuriwe n’amategeko. Yagirizwa ko yoba hari imiliyoni 18 z’ama Euros yanyegeje ku ma konte atazwi.

Amahera imiliyoni 18 euros (imiliyoni $20) niyo akurikiranwako, yoba yaranyegejwe ku ma konte atazwi.

Nicolas Sarkozy yahoze arongoye igihugu c’Ubufaransa arabhakana ivyo yagirizwa, avuga ko atazi ko yarengeje ayo arekuriwe n’amategeko.

Ni yaramuka yagiriwe n’icaha, uwo mukuru w’igihugu c’Ubufaransa wa kera, ashobora guciribwa gupfungwa umwaka umwe akariha kandi ihadabu ry’amafaranga 3750 vy’amaeuro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.