Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia: Ubutegetsi bwugaye iradiyo yigenga Teranga FM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Ubutegetsi bwugaye iradiyo yigenga Teranga FM

Gambia: Ubutegetsi bwugaye iradiyo yigenga Teranga FM

mardi 3 Nzero 2017

Abategetsi bo mu gihugu ca Gambia batanze itegeko ryo kwugara iradiyo Teranga FM ikundwa cane n’abanyagihugu ikaba ishikiriza ibiganiro bidashigikiye umukuru w’igihugu Yahya Jammeh.

Nkuko bishikirizwa na Emil Touray arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru muri Gambia,abarongozi b’urwego rw’iperereza mu gihugu ca Gambia nibo batanze itegeko ryo kwugara iyo radiyo ata nsiguro zitanzwe.

Umwe mu bakozi ba Treranga FM yavuze ko ibigo bine bijejwe iperereza muri Gambia biri kumwe n’igipolisi aribo bagiye kwugara iradiyo Teranga FM.

Kuva umukuru w’igihugu Yahya Jammeh yanse kwemera ivyavuye mu matora yabaye kw’igenekerezo rya mbere Kigarama agatsindwa na Adama Barrow ,ibaye iradiyo ya mbere yugawe idashigikiye ubutegetsi bwa Yahya Jammeh.

Jammeh yafashe ubutegetsi mu 1994 atembagaje ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • None muri Gambia barafise imbonerakure? Nibamureke atware vyanse yishingire imbonerakure made in Gambia bace bakorana nabajejwe umutekano urabe ko adatwara mandats 15

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.