Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gambia : Uwahora ku butegetsi agiye kwitura Sentare ntahinyuzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Uwahora ku butegetsi agiye kwitura Sentare ntahinyuzwa

Gambia : Uwahora ku butegetsi agiye kwitura Sentare ntahinyuzwa

lundi 12 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Yahya Jammeh yari amaze imyaka 22 ku butegetsi yafashe ingingo y’ukwitura sentare ntahinyuzwa yiyamiriza ivyavuye mu matora aheruka gushikana ku ntsinzi Adama Barrow wo ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Inyuma y’amatora yabaye kuwa 01 Kigarama 2016, Yahya Jammeh yari yemeye ko yatsinzwe, ariko mu nyuma aza kwisubirako, asaba ko hategurwa amatora mashasha kandi aciye mu muco agategurwa n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora. Yahya avuga ko yipfuza ko murwi wotegura ayo matora woba utinya Imana.

Umugambwe APRC (Alliance Patriotique Pour La Réorientation Et La Construction) wa Jammeh, niwo watangaje ko ugiye kwitura sentare ntahinyuzwa, umunsi wa nyuma w’ukwitura sentare akaba ari kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Kigarama 2016.

Adama Barrow yamaze kwemezwa ko yatsinze amatora, aheruka kumenyesha ko Jammeh ata burenganzira afise bwotuma ivyavuye mu matora bitakaza agaciro, ayo matora agasubirwamwo gushasha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.