IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gasenyi : Abantu 9 bapfuye, 3 barakomereka baguweko n’umusozi

Gasenyi : Abantu 9 bapfuye, 3 barakomereka baguweko n’umusozi

vendredi 16 mars 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko umusozi wahenukiye kur’abo bantu mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, hafi y’ibarabara riduga mu guhugu hagati riciye mu ntara ya Bujumbura.

Ayo makuru nyene amenyesha ko, inyuma gato y’isanganya, bamwe mu bariko bakorera muri ico kibanza bamenyesheje ko abantu icenda aribo boba bitavye Imana.

Ico gitigiri c’abitavye Imana n’abakomeretse cahavuye cemezwa n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta no kwunguruza abantu n’ibintu,Jean Bosco NTUNZWENIMANA nawe nyene yashitse ahabereye iryo sanganya.

Mu giporisi c’Uburundi, bamenyesha ko igiporisi c’Uburundi kiri kumwe n’abandi bafashanya mu gikorwa co gutabara,bamaze kuhashika kugira bafashe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • emwe shetanikoko yiyemeje kwiganzira icogisagara pe ?none ibisabisho kobidasiba twovugako bitashika kumana canke babivuga ugutariko emwe ababuriye murayomasanganya ukwarabiri nobaremesha mvuganti twese nigwoturaririye nukwihangana.abamfuye imanibarire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.