IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Abasuma bishe umwungere umwe, bakomeretsa uwundi

Gihanga : Abasuma bishe umwungere umwe, bakomeretsa uwundi

samedi 8 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umwungere umwe yishwe, uwundi arakomereka mu gitero c’abantu bitwaje imipanga, muri komine Gihanga. Abo bantu bari abasuma b’inka, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine ya Gihanga.

Abajejwe umutekano baranyarukiye gutabara, ivyafashije kutiba n’inka n’imwe, kiretse gusa abo bungere babiri b’izo nka bakomerekejwe n’abo basuma, umwe muribo agahava yitaba Imana yashikanwe kwa muganga.

Muri abo bitwaje ibirwanisho, nta n’umwe yashoboye gufatwa, abajejwe intwaro muri komine Gihanga bakavuga ko bahunze berekeza mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Mu ntara ya Mwaro, muri komine Ndava, havugwa ikiziga c’umugore catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, abajejwe intwaro bakikeka ko uwo mugore yishwe n’umugabo wiwe yamucumise imbugita, imbere y’uko ahunga.

Ntawuzi irengero ry’uwo mugabo yagirizwa urwo rupfu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.