IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gihosha: Batanu bari bafatiwe mu gikorwa co gusaka barekuwe

Gihosha: Batanu bari bafatiwe mu gikorwa co gusaka barekuwe

jeudi 8 Ruheshi 2017

Abo bari bafashwe ni Agathon NIMPAYE umwe mu ndongozi z’umugambwe MSD akaba n’umwigisha kw’ishuri rya Mutima Mweranda,umukjozi wo mu bunwero Open Sky,umukozi wo mw’ishirahamnwe REGIDESO hamwe n’abandi bahungu babiri.

Bose bari bafashwe kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2017 inyuma y’isakwa ryabaye aho mu Gihosha baca bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igendereza.

Agathon NIMPAYE yarekuwe kuwa mbere amaze iminsi itanu apfunzwe,abandi bane barekuwe kuwa gatatu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017,inyuma yaho baravye mu materefone ngendanwa n’inyabwonko basanze atacotuma bafatwa nk’inkozi z’ikibi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.