IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abagirizwa ubusuma muri COOPEC basabiwe gupfungwa imyaka iri (...)

Gitega : Abagirizwa ubusuma muri COOPEC basabiwe gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 30

jeudi 18 janvier 2018

Abarengutse bari mu mirwi ibiri, umwe ugizwe n’abaporisi, uwundi ukagirwa n’abanyezamu bari baraririye ububiko bwa COOPEC Gitega.

Abaporisi bagirizwa muri urwo rubanza basabiwe gupfungwa imyaka ibiri, mu gihe abandi bantu batandatu barimwo abanyezamu basabirwa gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 30.

Urubanza rwa mbere rwari rwabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Nzero 2018, ariko ruca rwungururizwa ku rindi sango, kuko uwari yaserukiye COOPEC yari yasavye umwanya wo kubanza gusoma neza dosiye y’urubanza.

Abo barengutse bagirizwa ubusuma muri COOPEC yo mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017 , y’amafaranga 66 227 510 y’amarundi.

Abagirizwa ubwo busuma barahakana ivyo bagirizwa, bagasaba ahubwo ko borekurwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.