IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Abana babiri baciwe ibiganza (ibikonjo) bagirizwa kwiba (...)

Gitega : Abana babiri baciwe ibiganza (ibikonjo) bagirizwa kwiba ibigori

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega, kandi yemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abo bana bafashwe bariko bahanyura ibigori. Abasore babiri basanzwe aribo bacungera uwo murima nibo bafashe abo bana baca babaca ibikonjo bakoresheje umupanga n’imbugita.

Abo basore bari mu minwe y’igiporisi, bakaba bapfungiwe mu gasho ka komine Itaba mu ntara ya Gitega.

JPEG - 141.2 ko
Abasore babiri baciye ibikonjo vy’abo bana bafashwe n’igiporisi

Abo bana baciwe amaboko bariko bavurizwa mu bitaro bikuru vyo mu Kibuye, muri iyo ntara nyene ya Gitega.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.