IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abanyororo 90 barafunguwe

Gitega: Abanyororo 90 barafunguwe

samedi 28 Nzero 2017, par Jean de Dieu M.

Abanyororo 90 bahora bapfungiwe mw’ibohero ry’i Gitega nibo barekuwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2017,inyuma y’ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu.

Amakuru ava aho mw’ibohero ry’I Gitega,amenyesha ko abarekuwe ari abari bapfunzwe baraciriwe igihano co gupfungwa imyaka itanu canke iri munsi yayo,hamwe n’abamaze gukora ibice bitatu vya bine vy’igihano baciriwe.

Muri abo barekuwe harimwo abanywanyi batatu b’umugambwe MSD bafashwe kw’igenekerezo rya 8 ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2014.
Abo banywanyi b’umugambwe MSD barashima kuba bararekuwe,ariko bakamenyesha ko bafise ubwoba ku mutekano wabo.

Ibohero ry’i Gitega ririmwo abapfungwa 930.


IGIHE

Messages

  • Nous remercions le Gouvernement pour sa maniere de faire qui vise la consolidation de l’unite nationale malgre la position divisitioniste consequence de la politique de diviser pour dominer de l’UE adoptee par certains burundais qui sont au service de ces europeens qui se levent en un seul homme pour aneantir le Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.