Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abayoboke babiri b’umushingamateka Agathon RWASA bahagaritswe
Gitega: Abayoboke babiri b’umushingamateka Agathon RWASA bahagaritswe
lundi 4 Nyakanga 2017
Amakuru ava mu ntara ya Gitega amenyesha ko abo bahagaritswe ari umusore azwi kw’izina rya Ezechiel TUYISHEMEZE hamwe n’umwigeme w’umunyeshuri azwi kw’izina rya Gylaine MUNYEMANA bose bo ku mutumba Mubuga ,Komine n’intara ya Gitega.
Abajejwe intwaro aho muri zone Mubuga, bagirije abafashwe ko abo babiri bafashwe bari mu nama itemewe n’amategeko ku rugo rw’umuntu azwi kw’izina rya Paul NTATAMA, ariko mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA barahakana ivyashikirijwe n’abajejwe intwaro.
Mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bavuga ko inyuma y’abo babiri hari uwundi azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Thomas yoba yahagaritswe.
Abegereye abo bahagaritswe bavuga ko ata kindi bariko barazira atari kuba bari mu bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA, bagasaba ahubwo ko barekurwa.
Abahagaritswe bakaba bapfungiwe mu gasho k‘igiporisi mu ntara ya Gitega.
Twagerageje kurondera abajejwe umutekano mu ntara ya Gitega kugira baduhe umuco kw’ihagarikwa ry’abo bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA ariko ntitwashoboye kubaronka.
MUGISHA Van Naris
Messages
4 Nyakanga 2017, 09:08, par nephtalie
Agaton Rwasa ntakiri ukuru w’umugambwe FNL arongoye urunani amizero y’abarundi.Umugambwe FNL uramutsw nyakubahwa Jacques Bigirimana.Kwar’ukubakebura.Murakoze.
4 Nyakanga 2017, 09:13, par nephtalie
Umushingamateka Agaton Rwasa ntakiri umukuru w’umugambwe FNL arongoye urunani amizero y’abarundi.Umugambwe FNL uramutswa nyakubahwa Jacques Bigirimana.Kwar’ukubakebura.Murakoze.