IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abayoboke babiri b’umushingamateka Agathon RWASA bahagaritswe

Gitega: Abayoboke babiri b’umushingamateka Agathon RWASA bahagaritswe

lundi 4 Nyakanga 2017

Amakuru ava mu ntara ya Gitega amenyesha ko abo bahagaritswe ari umusore azwi kw’izina rya Ezechiel TUYISHEMEZE hamwe n’umwigeme w’umunyeshuri azwi kw’izina rya Gylaine MUNYEMANA bose bo ku mutumba Mubuga ,Komine n’intara ya Gitega.

Abajejwe intwaro aho muri zone Mubuga, bagirije abafashwe ko abo babiri bafashwe bari mu nama itemewe n’amategeko ku rugo rw’umuntu azwi kw’izina rya Paul NTATAMA, ariko mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA barahakana ivyashikirijwe n’abajejwe intwaro.

Mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bavuga ko inyuma y’abo babiri hari uwundi azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Thomas yoba yahagaritswe.

Abegereye abo bahagaritswe bavuga ko ata kindi bariko barazira atari kuba bari mu bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA, bagasaba ahubwo ko barekurwa.

Abahagaritswe bakaba bapfungiwe mu gasho k‘igiporisi mu ntara ya Gitega.
Twagerageje kurondera abajejwe umutekano mu ntara ya Gitega kugira baduhe umuco kw’ihagarikwa ry’abo bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA ariko ntitwashoboye kubaronka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Agaton Rwasa ntakiri ukuru w’umugambwe FNL arongoye urunani amizero y’abarundi.Umugambwe FNL uramutsw nyakubahwa Jacques Bigirimana.Kwar’ukubakebura.Murakoze.

  • Umushingamateka Agaton Rwasa ntakiri umukuru w’umugambwe FNL arongoye urunani amizero y’abarundi.Umugambwe FNL uramutswa nyakubahwa Jacques Bigirimana.Kwar’ukubakebura.Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.