IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega: Abayoboke babiri ba Agathon RWASA basubiye guhagarikwa (...)

Gitega: Abayoboke babiri ba Agathon RWASA basubiye guhagarikwa n’igiporisi

mardi 16 Rusama 2017

Edouard NZAMBIMANA na Ladislas SABUKWIGURA bahagaritswe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Rusama,umwaka wa 2017,ku Mutumba wa Rutegama,kw’ibarabara riva mu ntara ya Gitega rija mu ntara ya Ngozi ,ahitwa ku masangazira, igihe bari bavuye kwitaba ubutungane nkuko bari babisabwe imbere yo kurekurwa haraheze iminsi 6.

Amakuru dukesha abaserukira abandi mu mugambwe FNL urongwe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko gushika mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama,umwaka wa 2017,Edouard NZAMBIMANA na Ladislas SABUKWIGURA bapfungiwe mu gasho k’igipolisi kijejwe umutekano hagati mu gihugu, aho benshi bita kuri district.

Ayo makuru nyene amenyesha ko Edouard NZAMBIMANA na Ladislas SABUKWIGURA bakubiswe n’abakorera urwego rw’igendereza harimwo n’uwugendesha imodoka y’umwe mu barongoye igiporisi mu ntara ya Gitega, babagiriza ko babafiseko ayandi makuru.

Edouard NZAMIMANA Umunsi yava mw’ibohero rya Gitega

Abarongoye abandi mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka RWASA Agathon mu ntara ya Gitega bamenyesha ko mu butungane bemeza ko Edouard NZAMBIMANA na Ladislas SABUKWIGURA barekuwe hisunzwe amategeko, mu gihe mu rwego rw’igendereza mu ntara ya Gitega hoho bavuga ko batarekuwe n’ubutungane.

Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka RWASA Agathon asaba ko abo banywanyi b’umugambwe FNL barekurwa mu maguru masha kandi atakirinze gusabwa, kuko bejejwe n’inzego zibifitiye uburenganzira.

Aime MAGERA avugira FNL irongowe na Agathon RWASA

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongwe n’umushingamateka RWASA Agathon Aime MAGERA asaba kandi abanywanyi b’umugambwe FNL kuguma bafatanye mu nda, bakaguma kandi bari maso mu bihe bitoroshe bariko baracamwo.

Edouard NZAMBIMANA yari yarekuwe kw’igenekerezo rya 10 Rusama, mu gihe Ladislas SABUKWIGURA yari yarekuwe kw’igenekerezo rya 11 Rusama, umwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.