IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Amapikipiki n’amakinga vyikekwa ko vyibwe vyafashwe n’igiporisi

Gitega: Amapikipiki n’amakinga vyikekwa ko vyibwe vyafashwe n’igiporisi

vendredi 30 Ruheshi 2017

Nk’igihe c’isaha imwe z’igitondo, niho igiporisi cashika ku rugo rw’umugabo azwi kw’izina rya SOGEA asanzwe akora amapikipiki, ruri muri quartier Swahili, imbere y’ihoteri Helena Hotel, aho bafatiye amapikipiki 7, amakinga abiri mashasha, ivyo bicarako ku mapikipiki 32 n’irangi bakoresha ku bidodo.

Amakuru ava mu bagendesha amapikipiki yunguruza abantu mu ntara ya Gitega amenyesha ko igiporisi mu gisagara ca Gitega cahiketse gica kirahasaka, baca bahatora ivyo bintu.

N’aho ata n’umwe yari bwaboneke yemeza ko ipikipiki yiwe yibwe ayibonye mu zafashwe, abagendesha amapikipiki mu gisagara ca Gitega basaba ko amatohoza akorwa kugira hamenyekane iyo uwo mugabo yakuye ivyafatiwe mu muhana iwe.

Nta minsi myinshi yari iheze mu gisagara ca Gitega, uwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yarishwe n’ipikipiki yakoresha iribwa n’abantu gushika n’ubu bataramenyekana.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.