IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Buraza : Abantu batatu bitavye Imana bakubiswe n’inkuba

Gitega-Buraza : Abantu batatu bitavye Imana bakubiswe n’inkuba

dimanche 31 décembre 2017

Amakuru ava mu giporisi amenyesha ko abo bantu bakubiswe n’inkuba, igihe bari mu rubanza rwo kuganduka, nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abandi 18 bari muri urwo rubanza bakomeretse, baca bajanwa kw’ivuriro, aho bariko baravurirwa muri iki gihe.

Ku murwa mukuru w’intara ya Gitega nyene, amakuru avaho amenyesha ko imvura yaguye mu masaha y’umugoroba wo kur’uyu wa gatandatu, yatumye uruhome rw’uruzitiro rw’ikirimba c’umukuru w’igihugu ruhenuka.

Mwomenya ko kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, imvura nyinshi yaguye ku murwa mukuru w’intar ya Gitega, yatumye ibisakazo vy’amazu atandatu biguruka, n’ibindi vyononekaye, harimwo ibikoresho vy’insamirizi Star FM isamiranira mu ntara ya Gitega.

Abajejwe intwaro ku mutumba Ntobwe, uri muri zone Mungwa, wasinzikaye cane, basaba abagira neza kugarukira ku miryango yakozweko n’ico kiza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.