IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Gerenade zitanu zatowe mu rugo rw’umwigisha

Gitega: Gerenade zitanu zatowe mu rugo rw’umwigisha

mardi 5 Nyakanga 2017

Uwo yahagaritswe n’igiporisi inyuma y’igikorwa co gusaka ,azwi kw’izina rya BANKUWUNGUKA Edymond yari asanzwe atanga ivyigwa kw’ishuri nderabigisha ry’i Mweya (Ecole Normale de Mweya).

Amakuru ava mu babanyi biwe amenyesha ko BANKUWUNGUKA Edymond yafatanywe gerenade 5, artere yo kwinonora imitsi hamwe na Munchako ikirwanisho gikoreshwa n’abakinyi ba Karate.

BANKUWUNGUKA Edymond yaciye ajanwa n’igiporisi mu gisagara ca Gitega,aho yagiye gukorwako amatohoza.

Mwomenya ko muri ivyo bikorwa vyo gusaka,uwundi mugabo umwe yahagaritswe,inyuma yaho basanze mu masaha y’igitondo aborewe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Biratey’isoni kubona umwigisha yarajejwe kurerer’Uburundi atunga ibirwnisho .Amatohoza n’akore ukuri kumenyekane hanyuma abihanirwe hakurikijwe amategeko. Abonyene nibo baca batanga amakuru y’ibinyoma ngo mu burundi biracika.Bamuhane vy’akarorero.

  • Uwo mwarimu bamuhora iki? Ni umukunzi w’umuziki w’uturirimbo twa kera tutakiboneka. Ivyo bindi bafashe ngira mu Burundi ntaho bitari, ababutwara barabikwiragije nta gatumba, agacimbiri, nta komine bitarimwo. Vyarasasitse inganda gushika aho bamaramara na ONU barayankira kuza gutohoza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.