IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Kibimba : Yitavye Imana inyuma yo gukubitwa n’umukozi w’ibitaro

Gitega-Kibimba : Yitavye Imana inyuma yo gukubitwa n’umukozi w’ibitaro

jeudi 3 mai 2018

Amakuru dukesha aba aho mu Kibimba, amenyesha ko uwo yitavye Imana yari azwi kw’izina rya Rudono,avuka ahitwa Kaguhu, akaba yari asanzwe akora akazi ko kwiremeka imizigo ku gasoko ko ngaho mu Kibimba, akaba kandi yafasha ku mashini isya, iri ngaho nyene kw’ibarabara riva mu ntara ya Gitega rija mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo makuru amenyesha ko Rudono yatashe amasaha y’ijoro nk’uko vyahora, umugabo azwi kw’izina rya Libère batazira Muhuza asanzwe akora ku bitaro mu Kibimba aramukubita gushika aho ababara cane.

Amakuru ava mu bitaro vy’akarere k’ubuvuzi ka Kibimba, amenyesha ko Rudono yahavuye yitaba Imana amaze gushikanwa mu bitaro, hakaba hari n’amakuru avuga ko abava ku mutumba Kaguhu aho yavuka boba banse kumushingura.

Gushika ubu icatumye Libere batazira Muhuza akubita uwo Rudono ntikiramenyekana, ariko amakuru ava mu Kibimba amenyesha ko amatohoza yatanguye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.