IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yarekuwe

Gitega : Muganga Jean Claude NIYONGERE yarekuwe

vendredi 16 mars 2018

Muganga Jean Claude NIYONGERE yari yahagaritswe yagirizwa gukwiragiza isanamu y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, yambaye inkofero ihamagarira abarundi gutora Oya, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Jean Claude NIYONGERE yari amaze hafi ukwezi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega, kuko yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.

JPEG - 18.5 ko
Muganga Jean Claude NIYONGERE

Muganga NIYONGERE yagirizwa guhungabanya inzego z’igihugu, gutuka umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE, hamwe n’ukwigisha gutora "OYA" mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.